Ana səhifə

Ubutumwa bwa bikira mariya bwaciye kuri ngendakumana zebiya, italiki 11/03/2008


Yüklə 47 Kb.
tarix26.06.2016
ölçüsü47 Kb.
Ubutumwa bwa BIKIRA MARIYA bwaciye kuri NGENDAKUMANA Zebiya, italiki 11/03/2008.
Sabwe Mama,
Nimuzirikane, har’ivyo mudashoboye kumenya, muzomenya hanyuma kubera ukutemera n’ubutagondwa bwanyu.
Naravye amagogwa mfise mur’iki kibanza, ndaraba amagogwa mfise mu mitima yanyu, ndaraba amagogwa mfise kubw’ivyaha vyanyu, ndaraba amagogwa mfise kuva kw’isaha y’icenda y’ijoro, kubera iyo mitima iri mu kirere, ndaraba amagogwa mfise kubera bariko barabaronderera urupfu mwakino kibanza. Ndaraba amagogwa mfise kubera abansi banyu uko bangana, narize, ndababara cane, amaso yanje arahinduka. Ndagogwa amaso aratukura, ndababara cane.
Nari kubibamenyesha nciye ku mushaha utagir’igicumuro. Nanje naciye ku mwana mutoya ngaha, mur’iki kibanza. Uyo mwana afis’umubabaro w’ivyaha vyanyu. Yababajwe n’ibindi bibondo biri mu kirere, bibabaye cane. Uwo mwana yaravy’amagogwa nari mfise. Uwo mwana nawe araturikisha, amaso yiwe aseseka amaraso.
Umwana wanje vyamutangaje, na bose vyabatangaje.
Murabe maso, yaririye igihe gikurikira. Uko yarize amaraso, jeho yari yacundegeshwe, ndarira cane.
Nind’uwundi mutima utagir’icaha wari kurir’amaraso nkawe, abaririra imbere y’Imana ?
Uyo mwana ndamufise mw’ingabire mudashobora gutegera. Hak’akandagigwa n’abanyavyaha, notuma ndamukura hagati yanyu, nkamujana hafi yanje, akamfasha kurira.
Ni muzirikane. Umwana wanje vyamubabaje cane aratangara, nah’ubwambere yari yabifashe nk’ubusa.
Ni mumenye rero kwar’igihe co gusenga cane. Ni musenge cane. Ni musenge cane. Nico gituma ndabasavye ngo nimusabir’igihe mwimirije. Musabire imitima iri mw’ipurugatori, musabire n’imitima iyerera mu kirere. Ni mugire umutima w’ukwakira.
2.

Ni muce bugufi, muce bugufi nk’inuma. Mwibuke Mutima Mweranda mwagabanye. Ni babatwenga bakabakekeza, murakengurukir’Imana.

Ni babita amashetani, murabahezagire, mukengurukir’Imana, kukw’aribo bazoba barimw’ishetani.
Muragumy’umutima, ngiyo, ngico ikibondo canjei camfashije kurira, ararira arasesa amaraso yiwe yerekana gurtyo, umubabaro yari afise.
Kubera iki yayasheshe, umwana wanje yitegereza ?

Ntimwoshobora kubitegera, ni nkuko ibintu vyo ngaha vyose bizobabera ibinyegezwa igihe kirekire.


Uyo mwana ndamuhezagiye kuko yuzuye umugisha w’Imana n’ivyiza ab’isi mudategera.
Ndamuhezagiye k’Ububasha bw’Imana, yamfashije amagogwa n’abavyeyi biwe batoshobora kumfasha.
N’uko rero, namwe nimugumane inema yeza.

Ndabahezagiye ngo mushobore gusengana umutima utekanye.

Ndabahezagiye ngo mushobore kwizigira uruhoza rw’Imana.
Amen.
Ndabahezagiye ngo mushobore guhinduka k’Ububasha bw’Imana, muhorane Inema y’Imana n’urukundo rwa Mutima Mweranda.
Urakoze.


Akaririmbo
R/ Mutima Mutagatifu

Uze mu mitima yacu

Utuzanire n’Inema

Y’uko tur’abawe twese.

3.


  • Warabaye Umuhoza,

Mana yahay’abagowe,

Wewe rukundo rw’Imana

Duh’imbar’imisi yose.


  • Niwirukane shetani,

Tugabire n’amahoro,

Uj’imber’udutambutse,

Ntidutsitare ntitugwe.
R/ Mutima Mutagatifu

Uze mu mitima yacu

Utuzanire n’Inema

Y’uko tur’abawe twese.



Akaririmbo
R/ Ambar’ibigwanisho tuje mu rugamba,

Kwubah’Imana n’ugukovya gusenga.




  • Nawe Mikaheli, ntsinzi y’amashetani,

Manuka nawe udufashe gusenga.
R/ Ambar’ibigwanisho tuje mu rugamba,

Kwubah’Imana n’ugukovya gusenga.




  • Namwe beranda muri mw’ijuru

Manuka namwe mudufashe gusenga.
R/ Ambar’ibigwanisho tuje mu rugamba,

Kwubah’Imana n’ugukovya gusenga.




  • Namba waratowe canke warashimwe,

Cumenya neza kwar’ugukovya gusenga
R/ Ambar’ibigwanisho tuje mu rugamba,

Kwubah’Imana n’ugukovya gusenga.


5.

Igisabisho
Mana yanje ndigaye gose kuko nagucumuyeko, we Mwiza nya Mwiza, nyagukundwa gose, ibicumuro vyanje, nivyo vyishe Umukiza wanje Yezu, nivyo binkura kuri wewe, binjana mu muriro, none Mana yanje, binkize, ntavyo ngishaka, ump’umutima mbashe kubiheba no kuvyishura. Amen.

Akaririmbo

R/ Uduhezagire, we Nyina w’Imana,

Bikira Mariya, we Rembo ry’ijuru,

Bikira Mariya, we Rembo ry’ijuru,

Turakuramutsa nk’Umumalayika

Dutunge dukize, duhe n’amahoro

Dutunge dukize, duhe n’amahoro

Dutunge dukize, duhe n’amahoro

Dutunge dukize, duhe n’amahoro

R/ Uduhezagire, we Nyina w’Imana,

Bikira Mariya, we Rembo ry’ijuru,

Bikira Mariya, we Rembo ry’ijuru,




  • Bohora ababoshwe, bonesha abahumye

Kiza abarushwa, bah’ivyiza vyose,

Kiza abarushwa, bah’ivyiza vyose,




  • Bohora ababoshwe, bonesha abahumye

Kiza abarushwa, bah’ivyiza vyose,

Kiza abarushwa, bah’ivyiza vyose,


R/ Uduhezagire, we Nyina w’Imana,

Bikira Mariya, we Rembo ry’ijuru,

Bikira Mariya, we Rembo ry’ijuru,

6.


Bane banje,
Bane banje,
Bane banje,
Akira mahoro yanje,
Bane banje,

Nciye ngaha, ndabaramutsa kuko ndabakunda.


Bane,
Sinciye ngaha kuber’ubweranda bwanyu, canke kuber’ibikogwa vyiza vyanyu, sindahaciye kuko mur’intungane, kandi sindahaciye kuko mur’abanyavyaha.
Ndabafise k’umuzirikanyi. Ngomba guhindura ivyiyumviro vyanyu.

Abenshi muri mwe, mwari muzi ko ntaza, mufis’ivyiyumviro nk’ivy’abantu, ntimufis’ivyiyumviro vy’ijuru n’Imana.


Naje kubonana namwe, hari n’abatiriwe baraza, bazi ko ntaza.

Nimwamize k’umuzirikanyi ko ndi Nyoko, ndabitwararika igihe cose muri kumwe nanje. Igihe ntazoba ndi kumwe namwe, muziririra, mwiganyire.


Ni mugumy’umutima, musenge, ndi kumwe namwe.
Ni musabir’abanyavyaha, ndi kumwe namwe. Ni musabire cane imitima iri mw’ipurugatori kukw’irushe cane, ndi kumwe namwe. Ni musabire abo bana bari mw’iyishuriro, barababaye, kugira ngo nabo barokoke, ndi kumwe namwe. Ni musenge, mur’ir’ijoro, murisabire cane, imitima iri mu kirere, itagiriy’ija n’iy’iva, kuko myinshi yashizweho na mwebwe ku gushaka kwanyu. Nimubasabire cane ndi kumwe namwe.
Ivyo bibondo, vyaheze mu kirere, vyari bikeney’ijuru. Ndavyitwararika, imbere yuko murokora imitima yanyu, nimurokore ibibondo vyanyu.

Nsubiye kubibamenyesha ngo muri iri joro mushikane k’Umushaha wanje imitima iriko irayerera mu kirere itagir’ija n’iyiva. Iyo mitima, yar’’imitima y’abana beza, ariko iri kumwe n’imitima y’imyuka mibi.

7.
Murashobora gusabira iyo mitima mwa rino joro, kuko ndi kumwe namwe ntaco mudashobora.
Bane,

Mboneyeho nugusubira kubasaba ko mwogirira ikigongwe ibibondo vyanyu, ibibondo mwo kwibarutse, ngo mumenye Imana yabagaruye ikabarokora.


Nimwirinde gushira mu mishaha yanyu no mu mibiri yanyu ivyiyumviro vyu kwica, mukoresheje ivyuma bitandukanye, imiti itarekuwe imbere yanje.

Nimukize ivyo bibondo vyanyu kuko navyo nyene bikeney’ijuru.

Mbere, bamwe barindiriye gukira kubera mwebwe. Muzobakiza, ni mwabibuka, mukabagarukana ku Mana, mukabasabira impuhwe n’ikigongwe, namwe mugasaba impuhwe n’ikigongwe Imana, kugira ngo mubone kurokoka ivyaha vyanyu.
Ndabibamenyesheje, ndabibamenyesheje, ababikoze na batarabikora kugira ngo mw’iri joro, murire amarira nkayo narize mbony’ivyo bibondo biriko birayerera mu kirere.
Nimubasabire ikigongwe. Bafise umubabaro uruta uw’abariko barishurira mw’ipurugatori, naho abari mw’ipurugatori babara cane.
Ndabasavye mubasabire cane.
Ntakindi canzanye atar’ukurokor’imitima, imitima yanyu, imitima y’abanyavyaha.
Naje gusaba abo bagore ngo bamfashe kurera, kuko nd’uwambere nareze, nkazohereza vyose.
Nibamfashe kurera, boye kumpereza imitima idatyoroye, ariko bayityorore m’uruhara rwabo.
Ndabakebuye, imishaha yanyu yuzuy’ubwishime, imishaha yanyu yuzuy’ukwishira hejuru, imishaha yanyu yuzuy’ugukora igicumuro.

Imiganda mwikoreye n’ivyaha, imiganda mwikoreye n’ibicumuro.

Ndabasavye rero mw’abagore, mw’abagabo, ngo mumenye ico naje kurondera kw’ar’ibibondo vyanyu n’imitima yanyu.
8.
Imibiri yanyu yababereye inyanduruko y’igicumuro. Mwariyumviriy’ivyaha bitandukanye. Umubiri urabakwegakwega mu kubata mu gicumuro, mukutagir’ico mwubahiriza, mbere n’ibwirizwa rya gatandatu rikababer’umugani.

Mwarakor’icaha, mukongera mugasubira mugahemuka. Igicumuro kibasagirij’umushaha wanyu, n’ico ndabasavye ngo mwitangire mwa rino joro.


Musenge mutagoheka, musenge cane, kugira ngo hagire n’abana na bake borokoka imbere yanje.
Ndabamenyesheje, naje ndumwitonzi n’uwiciha bugufi imbere yanyu.

Ndonder’uburyo bwose nshik’iwanyu, ngo namwe mwitonde mwicishe bugufi.


Niko, ntawutura uwikoreye bike, nuwikoreye, nawe yikoreye vyinshi bimunaniye.
Nimurondere gukiz’imishaha yanyu, mukize imitima n’imibiri vyanyu.

Cane cane, nimwibagire igicumuro c’ubwishime imbere yanje, kugira ngo mukire ishano rizobariza muri wa mubabaro w’imyaka yose, kugira ngo mukire umubabaro muzobabarira mw’ipurugatori muvuga muti, narasenga, nari mu muhari munaka, navuga amarozari menshi, icombuza komva mur’iyi purugatori n’iki ?


Ndabibamenyesheje kuko arimwe mfise ku muzirikanyi.

Nimugumy’umutima muhinduke bane banje, nimuhinduke, mukenguruke ikw’Imana yabaremye, mikenguruke ubuzima Imana yabahaye, ni mukenguruke imishaha yanyu, ni mukenguruke ukw’imibiri yanyu Imana yayigize, ni mukenguruke ivy’Imana yabahaye vyose, uko muri n’uko mumeze.

Ntihagire uwiyumvira kub’umugabo ar’umugore, ntihagire uwiyumvira kub’umugore ar’umugabo.

Nimumenye y’ukw’Imana ibafisek’ umugambi ukomeye kandi ibazi kuva ikibarema. Reka gukenger’ububasha bw’Imana, nimugaruke ku Mana.

Umukama we nyen’ubwiwe kuv’umusi abarema, yabaremye n’imishatsi yanyu yo k’umutwe, arayiharura ukw’ingana. Ariko mwebwe ntimuyizi.

Murayigaya, mukagerekakw’ivyo adashima n’ivyo ntashima imbere yanyu.


9.
Nimukur’iryo shano ryagaca mutwe k’uruhanga rwanyu, rube uruhanga rw’aberanda kandi rub’uruhanga rw’intungane.
Ntimuzotuza shetani muyikoreye, haba namba. Nimurondere gukiza imishaha yanyu, n’iy’ibibondo vyanyu, n’iy’abenewanyu, n’iy’abasazawanyu.
Nimwame mwambara mwikwize, mureke kugerageza abo mutogerageje, kuko ari mwebwe mfise k’Umushaha. Igicumuro kirabakwegakwega ku mwanya ku mwanya.
Nimwibagize iyo mitima mwaruhishije, nanje nzobakiza iryo shavu ryagacamutima ribahanamiye munyuma.

Bane banje,


Igihe cose muriko murasaba, nimwame musaba mwibuka iyo muja, mwibuka niyo muva.
Igihe cose muriko murasenga, nimwame musenga mwibuka iyo muva niyo muja.
Igihe cose muriko murakora icaha, nimwame mugikora mwibuka iyo muva n’iyo muja.
Igihe cose muriko muracumuza abandi, nimwame mubacumuza mwibuka iyo muva n’iyo muja.
Umukenyezi arara ku mbanyi, bwaca akabaza uwayirayeko.
None namwe buca mukanguka, mwibaza iyo muvuye. Nimube maso, ni mube maso, ni mube maso. Mwizigire uruhoza rw’Imana, kandi mwame mugavye. Nimube maso, mwirinde ibigeragezo, mwizigir’uruhoza rw’Imana kandi mwame mugavye.


Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©atelim.com 2016
rəhbərliyinə müraciət